Log masuk
Log masuk
Log masuk
Pilih Bahasa

Hud 11:55 من دونه فكيدوني جميعا ثم لا تنظرون ٥٥

Halaman 228 · Juz 12

مِن
دُونِهِۦۖ
فَكِيدُونِي
جَمِيعٗا
ثُمَّ
لَا
تُنظِرُونِ
٥٥
Muyibangikanya n’ibigirwamana bikaba biciye kubiri n’icubahiro cayo. Kubera ivyo rero, nimukoreshe urwenge mwese hamwe n’ibigirwamana vyanyu mu kunkorera ikibi, hanyuma ntimundindirize na gato mutaranyirahira;
Teruskan Membaca

Baca Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Conversation between (the People of) `Ad and Hud

Allah, the Exalted, informs that they said to their Prophet,

مَا جِئْتَنَا بِبَيِّنَةٍ

(No evidence have you brought us.) This means that they claimed that Hud had not brought them any proof or evidence for what he claimed.

وَمَا نَحْنُ بِتَارِكِى ء
…

The Conversation between (the People of) `Ad and Hud

Allah, the Exalted, informs that they said to their Prophet,

مَا جِئْتَنَا بِبَيِّنَةٍ

(No evidence

…
Lihat Tafsir

Baca dalam Konteks

50. Twararungikiye na Bene Aadi mwenewabo Huudi, araheza ababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, burya mwebwe nta co muri kiretse ko murementanya mu gusenga ikitari Imana Allah; 51. Bantu banje! Nta ndishi ndabasaba kw’irarikiramana ryanje ryo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ariko impembo yanje ndayiziga ku Mana yanje Yandemye Allah. Mbega ntimugira ubwenge ngo mushobore gutandukanya ukuri n’ikinyoma!; 52. Bantu banje! Nimusabe ikigongwe ku vyaha vyanyu Imana yanyu Rurema Allah, muheze mwigaye kuri Yo ivyaha vyanyu. Nimwicisha bugufi rero ku Mana Allah, Izoca Ibamanurira imvura y’urutavanako murime mwimbure, Yongere Ibongerereze inkomezi ku nkomezi musanganwe mu kurondoka; ntimuzogenze umugongo mu kuba abanyavyaha”. 53. Abantu biwe bamwishuye bati: “Ewe Huudi! Nta cemezo uratwereka kigaragaza ukuri ku vyo uturarikira, kandi rero na twe ntiturota duheba gusenga imana zacu ku kwubahiriza gusa ijambo ryawe, eka ntitunarota tukwemera; 54. Nta co tworonka tukubwira, kiretse ko imana zacu zaguhuganiye ugakeherwa n’ubwenge”. Huudi araheza abishura ati: “Jewe mu vy’ukuri, Icabona canje ku vyo mvuga, ni Imana Allah, na mwe nyene ndabagize ivyabona ko nitandukanije n’ivyo muyibangikanya”; 55. Muyibangikanya n’ibigirwamana bikaba biciye kubiri n’icubahiro cayo. Kubera ivyo rero, nimukoreshe urwenge mwese hamwe n’ibigirwamana vyanyu mu kunkorera ikibi, hanyuma ntimundindirize na gato mutaranyirahira; 56. Mu vy’ukuri, jewe nishimikije Imana Allah kandi ndayizeye, nta conshikira Itakirekuye, ni Yo Mana yanje Ikongera Ikaba n’Imana yanyu Rurema Allah, nta kiremwa na kimwe kigendagenda kw’isi kiretse ko ari Yo Rugaba waco. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyeninzira igororotse”. 57. Nimwagenza umugongo mukirengagiza ivyo ndabararikira, ni ukuri ahanje naramaze kubashikiriza ubutumwa narungikanwe n’Imana Allah. Nimutemera rero mugasenga Imana Imwe Rudende Allah, Imana yanje Rurema Allah Izobahonya, Iheze Ibasubirize abandi bantu bayigamburukira, eka nta n’ico muzoyitwara. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Umubungabunzi w’ibiremwa vyose. 58. Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana Bene Aadi ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu, Huudi n’abemeramana bari kumwe, Tubakiza ibihano bikaze vyashikiye Bene Aadi. 59. Ng’abo rero Bene Aadi mwumva bahakanye Aayah z’Imana yabo Rurema Allah bagabitaniriza n’Intumwa zayo, baraheza bumvira amabwirizwa y’umuntu wese atwaza igikenye, yishima, w’intumva; 60. Bakurikijwe n’imivumo y’Imana Allah kuri iyi si. Ku musi w’izuka naho, bazoshavurirwa n’Imana Allah. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, Bene Aadi baragararije Imana yabo Rurema Allah, bahakana bivuye inyuma n’Intumwa zayo. Bantu, nimwumve mwumvireho! Haragahona Bene Aadi barungikiwe Huudi.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Teruskan Membaca

Nota dan Refleksi

Anda tidak mempunyai sebarang nota atau renungan tentang ayat ini.

Notes placeholders

Kekal Terhubung dengan Al-Quran ❤️

Peringatan ringkas yang bermakna untuk menetapkan semula, merenung dan kekal terhubung dengan al-Quran.

Baca, Dengar, Cari, dan Renungkan Al-Quran

Quran.com ialah platform dipercayai yang digunakan oleh berjuta-juta orang di seluruh dunia untuk membaca, mencari, mendengar dan merenung Al-Quran dalam pelbagai bahasa. Ia menyediakan terjemahan, tafsir, bacaan, terjemahan perkataan demi perkataan, dan alat untuk kajian yang lebih mendalam, menjadikan al-Quran boleh diakses oleh semua orang.

Sebagai Sadaqah Jariyah, Quran.com berdedikasi untuk membantu orang ramai berhubung secara mendalam dengan al-Quran. Disokong oleh Quran.Foundation , sebuah organisasi bukan untung 501(c)(3), Quran.com terus berkembang sebagai sumber percuma dan berharga untuk semua, Alhamdulillah.

Navigasi
Halaman Utama
Radio Al-Quran
Qari
Tentang Kami
Pemaju (Developers)
Kemas kini produk
Maklum balas
Bantuan
Derma
Projek Kami
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Projek tanpa untung yang dimiliki, diurus atau ditaja oleh Quran.Foundation
Pautan yang di gemari
Doa-doa daripada Al-Quran
Ayat Al-Quran Hari Ini
Ayatul Kursi
Surah Yaseen
Surah Al Mulk
Surah Ar-Rahman
Surah Al Waqi'ah
Surah Al Kahf
Surah Al Muzzammil
Peta lamanPrivasiTerma dan Syarat
© 2026 Quran.com. Hak cipta terpelihara
Sumbangan