Abakuwe mu zabo bakimuka ku bw’Imana Allah inyuma y’aho barenganirijwe, ni ukuri Tuzobaha icumbi ryiza kw’isi, Tubategekanirije n’indishi y’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni yo mpembo nini gusumba. Iyo rero abaretse kwimuka bamenya impembo yagenewe abimutse ku bw’Imana Allah, nta n’umwe yari gusigara inyuma;