Ababangikanyamana bararahiye bararengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko Imana Allah Idashoboye kuzura uwapfuye, yamaze no kubora. Imana Allah Yobuzwa n’iki kumuzura! Imana Allah isango Yagenye ryo kuzura ibiremwa, ni iry’ukuri, ariko abenshi mu bantu ntibabizi ngo bategere ubushobozi n'ububasha vyayo mu kuzura abapfuye.