Ewe Muvugishwamana! Himiriza abemeramana kurwana batiziganya. Muri mwebwe nihaba harimwo abantu mirongo ibiri bihangana ku rugamba, bazonesha abantu amajana abiri. Nihaba naho harimwo abantu ijana bihangana ku rugamba, bazonesha abantu igihumbi mu babangikanyamana, kuko ababangikanyamana badatahura indishi zagenewe abaharanira idini ry’Imana Allah.